Amakuru
5 juin 2024

Abahema basubiye kwitura Sentare ya gisirikare kubera amabi bakorerwa

Ubwicanyi bubandanya gukorerwa Abanyecongo bo mu bwoko bw’Abahema mu ntara ya Ituri bukozwe n’imirwi y’iterabwoba yo mu babanyi babo b’Abalendu. Ubuserukizi bw’Abahema bwaraye busubiye gushikiriza ibirego Sentare ya gisirikare yo mu ntara ya Ituri ku ncuro ya 2 n’aho bidoga ko abo bari bashize mu birego vya mbere bagumye bidegemvya mbere babandanya kwica Abahema. Umushingwamanza Jospin Mateso Savo, icegera c’uwurongoye umuryango w’Abahema, avuga ko batazohagarika kurondera ubutungane ku babo babandanya kugirirwa nabi gushika aho abagirwa n’icaha bashengezwa.