Abantu 8 baragandaguwe ku munsi w’Imana uheze kw’igenekerezo rya 12 Ruhuhuma mu ntara ya Ituri muri Congo, amazu yo kubamwo no kudandarizamwo arenga 300 yaribwe imbere y’uko aturirwa. Ivyo bikaba vyabaye mu gitero cakozwe n’abarwanyi ba CODECO bo mu bwoko bw’Abalendu ku bo mu bwoko bw’Abahema. Amakuru atangwa n’abo mu ba Hema akavuga ko gushika n’ubu hari abataratorwa kuva ico gitero kiba. Umushingwamanza Jospin Mateso Savo, icegera c’uwujejwe ivy’intwaro mu Bahema, avuga ko ico gitero ciyongeye ku bindi vyinshi Abalendu bamaze kubagirako kandi bimaze guhitana Abahema benshi, ivyo vyose bikaba biba abasirikare ba FARDC canke aba MONUSCO badatabara.
Amakuru
15 février 2023