Amakuru
15 janvier 2022

Abaharurwa mu majana barishwe mu mwaka w’2021, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu barenga 850 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe mu mwaka uheze w’2021. Mu cegeranyo ku mabi yakozwe mu mwaka w’2021, umuhari uharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka werekana amabi yakozwe afatiye ku gitsina, abandi baraborezwa igufa hakaba n’abahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Nk’uko bishikirizwa na Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari ligue Iteka, muri abo bagandaguwe, 57 bishwe n’inzego z’umutekano zifadikanije n’imirwi y’Imbonerakure. Kubw’icegeranyo c’uwo muhari, muri ivyo bitigiri kandi harimwo abakenyezi n’abana bagandaguwe bakorerwa n’ayandi mabi atandukanye.