Abaharanira agateka ka zina muntu, abashingwamanza n’abamenyeshamakuru bahunze baheruka gucirirwa umunyororo wo guherayo n’ubutungane bw’Uburundi mu rubanza rw’abashatse gutembagaza ubutegetsi, bituye umurwi w’igihugu wigenga uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu CNIDH. Abo baharanira agateka ka zina muntu basaba kugira uburenganzira kuri dosiye RPC 100 y’urubanza rwoba rwaciwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi 2020 n’ubu bikiri ibanga. Kubw’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, avugira uwo murwi, ibiri muri iyo dosiye ngo bizofasha abababuranira kwitura amasentare y’igihugu canke mpuzamakungu kugira batunganirizwe.
Amakuru
18 février 2021