Amakuru
5 septembre 2022

Abahanuzi b’imitumba hafi y’abanyagihugu kugira batature amatati yabo mato mato

Abanyagihugu bo ku mutumba Murama, komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro basabwa gutora abahanuzi bo ku mitumba b’imvugakuri, badahengama kandi batarya ibiturire. Ni akamo katewe na Denise Ndadaye, icegera ca Mbere c’umukuru w’Inama nkenguzamateka. Hari ku munsi wa gatanu uheze. Denise Ndadaye akavuga ko abo bahanuzi bazoba baje gufasha gutatura amatati, na cane cane ay’amatongo, kugira ngo abanyagihugu boye kwirigwa mu ma sentare mu manza zidahera.