Amakuru
2 mars 2023

Abagirizwa kugandagura impunzi 2 mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya baraciriwe gupfungwa imyaka 15

Umunyororo w’imyaka 15 ni wo waciriwe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma Abanyetanzaniya 6 bagandaguye impunzi z’Abarundi 2 kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma nyene uno mwaka, mw’ikambi y’impunzi ya Nduta. Mu runani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, CBDH/VICAR, bavuga ko ari uguhuma amaso amakungu kuko muri ico gihugu icaha nk’ico gihanishwa umunyororo wo guherayo. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba ko n’abandi bagirizwa amabi atandukanye akorerwa impunzi boshengezwa imbere y’ubutungane.