Amakuru
4 décembre 2021

Abagendana ubumuga bategerezwa gushirwa mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu

Abantu bagendana ubumuga ni abantu nk’abandi. Baraciye ubwenge kandi bashobora kugira ico bimariye n’ico bamariye abandi. Didier Fabrice Kabanga, agendana ubumuga bw’ukuguru akaba kandi ari n’Umurundi w’impunzi mu gihugu c’Urwanda, aratera intege urundi rwaruka nkawe, mu gihe hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abantu bagendana ubumuga uba buri tariki ya 3 Kigarama y’umwaka. Didier Fabrice Kabanga ahamagarira kandi abavyeyi b’abana bagendana ubumuga kutagira isoni kuko abo bana bafise kazoza keza nk’abandi.