Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bwaratunganije ku munsi wa kabiri uruganda rwo gusigurira abajejwe ubuvuzi mu ntara no mu burere bw’ubuvuzi ibijanye n’ubumenyi umunyagihugu akwiye kugira mu ntumbero yo kwikingira indwara, n’ingene yokwifata abonye ibimenyetso vy’indwara. Muganga Ananie Ndacayisaba, arongoye Umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza, arizera ko izo nyigisho ni zashikira abanyagihugu zizofasha mu guteza imbere amagara meza.
Amakuru
20 décembre 2023
