Amakuru
4 juin 2024

Abaforoma barenga igihumbi nta kazi bashobora kuronka kubera ata bumenyi bukwiye (FNSS)

Abaforoma basabirwa kurenganurwa mu kuronswa inyigisho zigezweho. Ivyo bishikirizwa n’Ihuriro ry’amasendika y’abakozi bo muri ico gisata FNSS. Marie Bukuru, icegera c’uwurongoye iryo huriro, avuga ko abo bita aba A3 ari bo ico kibazo kiraba kugira bashobore kurangura imirimo yabo neza hisunzwe amasezerano yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Ubu hakaba hari benshi bari kuri urwo rwego badashobora kuronka akazi kuri iyo mvo. Marie Bukuru, yabivuze mu gihe hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abaforoma itariki 31 Rusama.