Amakuru
11 août 2023

Abadandaza bo mu masoko ntibazosubira kuriha ibibanza abantu babihawe na leta, bazohora bariha OBR

Abadandaza bafise ibibanza mu masoko bagiye kuriha ibibanza vyabo mu kigo OBR gitoza amakori n’amatagisi. Bivugwa na Stany Ngendakumana, avugira ico kigo. Amenyesha abadandaza ariko ko kugira bashobore kuriha muri OBR bategerezwa kuba bafise inomero barihirako ikori hamwe n’agatabo kagenga abadandaza.