Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rirarajwe ishinga n’abantu baguma babura ubuzima bwabo mu bikorwa vyo gucukura ubutare hirya no hino mu gihugu. Mu matohoza ryagize, iryo shirahamwe ryasanze kuva mu kwezi kwa Gitugutu 2023 gushika mu kwezi kwa Ntwarante kw’uyu mwaka w’2024, abantu 19 barapfuye baguweko n’ibihomoka mu gihe bariko baracukura ubwo butare. Égide Havugiyaremye, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Ligue Iteka, abona ko ivyo biba kubera ico gisata kidatunganijwe neza, agasaba leta kwikubita agashi mw’itunganywa ry’ico gisata, mu ntumbero yo kugabanya amasanganya, no guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.
Amakuru
28 août 2024