Amakuru
15 juillet 2023

Abacongomani b’Abahema basaba gukingirwa nk’Abacongomani bandi bose

Abanyagihugu b’Abacongomani bo mu bwoko bw’Abahema mu ntara ya Ituri baratera akamo ko bariko barakorerwa amabi atandukanye n’ababanyi babo b’Abalendu. Iyi ni intahe uyu mukenyezi yatanze ku makuba yabonye kandi abayemwo kubera ubwicanyi bakorerwa n’imirwi y’iterabwoba ya CODECO. Avuga mu rurimi kavukire rwahinduwe mu kirundi igihe hariko haraba inama yatunganijwe n’urunani rw’abashingwamanza bariko barababuranira. Uyu mukenyezi avuga ko leta yabahevye kuko ata co yigera ishikiriza kuri ubwo bwicanyi.