Amakuru
21 novembre 2023

Abacamanza bategerezwa kwubahiriza ikiringo co gusohora urubanza rwaciwe (Domine Banyankimbona)

Imyidogo myinshi y’abitura ubutungane iva ku guteba gushira ahabona imanza zaciwe, zerekana ko umuntu aburana apfunzwe canke yidegemvya. Ivyo vyaneguwe n’umushikiranganji w’Ubutungane. Hari ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, aho Domine Banyankimbona yari yakoranije abacamanza n’abashikirizamanza. Akabategeka ko kuva ubu, bokwubahiriza ibiringo bitegekanijwe n’amategeko.