Amazina y’abacamanza 35 bagiye gusezererwa muri urwo rwego agiye kumanikwa mu minsi ya vuba. Bagirizwa kurya ibiturire n’ayandi makosa atuma urwego rw’abacamanza rucafura. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu mpera z’indwi iheze, ahariko harasozerwa ibikorwa vy’urwego rukuru rw’Ubutungane. Akaba avuga ko anezerejwe no kubona bashika kuri ico gikorwa kizotuma abacamanza babandanirizako mu gukora neza.
Gouvernance
3 août 2022
