Amakuru
4 janvier 2023

Abacamanza ba EAC barakoreshejwe mu kwemeza ko ikiringo ca 3 ca Nkurunziza cahonyanze amategeko

Sentare y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko nta burenganzira yari ifise bwo kwemeza ko ikiringo ca gatatu kitari gikwirikije amategeko. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu kw’igenekerezo rya 30 Kigarama umwaka uheze. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, abaciye urwo rubanza barakoreshejwe kugira bacapfuze igihugu. Avuga ko ubwo bubasha bufise Sentare ijejwe iyubahirizwa iry’Ibwirizwa nshingiro.