Amakuru
12 août 2022

Abacamanza 40 birukanywe mu mabanga yabo kw’itegeko ry’umukuru w’Igihugu

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yakuye mu mabanga abacamanza 40, nk’uko yari amaze kubimenyesha. Mw’itegeko ry’umukuru w’Igihugu ryo ku wa 10 Myandagaro 2022, abo bacamanza barahanishwa umunyororo uva ku mwaka umwe gushika kuri cumi n’itanu, hamwe no kuriha ihadabu ry’amafaranga ari hagati ya 20.000 na 3.300.000. Imanza zabo zikitwa rero ko zabaye ntabanduka. Yamara abize ivy’amategeko baranegura iryo tegeko ry’umukuru w’Igihugu, kuko ngo rihushanye n’ivyo yari yashikirije. Kuko ngo abo bacamanza bose batakoze ivyo bakurikiranwako, hari n’abandi mu bagirizwa ivyo vyaha imanza zabo zitari bwabe ntabanduka. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, abo bacamanza bose bakwiye gusubizwa umutamana.