Amakuru
2 décembre 2022

Abababa 1 000 baramenyekanye i Bujumbura ko bafashwe ku nguvu, 82% bakaba ari abana

Ikigo SERUKA cakira abantu bafashwe ku nguvu 100 ku kwezi, muri bo abarenga igice cabo baba ari abana bari musi y’imyaka 18. Nk’uko bivugwa n’abarongoye ikigo SERUKA, kuva mu kwezi kwa mbere 2022, bamaze kwakira abakorewe ayo mabi bababa 1 000 mu gisagara ca Bujumbura gusa. Vénuste Hakizimana, aserukira imbere y’amategeko ico kigo, yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, mu kwifatanya n’amakungu muri ya minsi 16 y’isekeza ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Agasaba Abarundi bose kwifatanya n’abandi mu kurwanya ayo mabi.