Amakuru
6 juin 2023

Kugira ibidukikije bikingirwe neza, harakenewe y’uko abantu bahindura ivyiyumviro

Mu Burundi, umunsi mukuru wahariwe ibidukikije ushitse imu gihe igisata c’ibidukikije gihanzwe n’ibibazo bitari bike harimwo itituka ry’amashamba, imyuzurira hamwe n’inyubako zitubahiriza amategeko. Ni ko bibonwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Ku bwa Faustin Ndikumana arirongoye, ngo ico gisata kirakeneye kuronswa uburyo bukwiye kugira izo nzitizi zose ziveho.