Amakuru
15 mars 2023

Muri Congo, Abahema baratabaza ku bwicanyi bariko barakorerwa n’Abalendu

Abanyecongo b’ubwoko bw’Abahema bavuga ko bageramiwe n’ubwicanyi bariko barakorerwa. Aho ni muri Ituri mu buseruko bwa Congo. Me Jospin Savo Mateso, icegera c’uwubarongoye ajejwe intwaro, avuga ko ino minsi itatu ya nyuma bamaze gukorerwa ibitero bitatu bikozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho y’Abalendu. Jospin Savo Mateso akavuga ko hamaze kwicwa Abahema indwi, umwe na we arakomereka. Muri kino gihe hakaba hari uduce dukikijwe n’umurwi CODECO, Abahema b’aho bakaba babuze aho bahungira.