Amakuru
14 mars 2023

Igisagara ca Bujumbura kigiye kwakira inkino za tennis z’abakenyezi zizozamwo abagera 120

Uburundi buzokwakira kuva itariki 03 gushika 14 Ndamukiza uyu mwaka ihiganwa ryo mu rukino rwa tennis y’abigeme babigize umwuga. Nk’uko vyamenyeshejwe ku munsi wa mbere na Gilbert Nibigirwe, arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa tennis mu Burundi, iryo higanwa rizoba ribereye ubwa mbere muri kano karere, rizobera ku bibuga vya Entente sportive, rikazohuza abigeme bagera 120. Ku ruhande rw’Abarundikazi, umukinyi yitezwe cane ni Sada Nahimana.