Birateye isoni kubona urwaruka mu Burundi rusigaye ruhagarika amashure bitewe n’ubukene hamwe n’inzara. Ibi binegurwa na Libérat Ntibashirakandi, umuhinga mu bijanye n’indero. Ni mu gihe mu gihugu abana ibihumbi n’ibihumbi bahevye amashure mu kiringo ca mbere conyene c’uno mwaka. Libérat Ntibashirakandi agasaba abayobozi b’igihugu kugarukana amaharo n’umutekano mu gihugu kuko ari vyo bituma Abarundi babaho nabi.
Amakuru
17 février 2022