Kubw’ikigega c’isi FMI, Uburundi ni bwo buza kw’isonga ry’ibihugu bikenye kw’isi mu rutonde rwo mu mwaka w’2022. Umunyagihugu akaba ashobora kwinjiza mu kiringo c’umwaka amafranga agera ku ma dollar 269 gusa. Uburundi bukaba buza inyuma y’igihugu ca Soudani yo mu bumanuko. Ku bwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, urwo rutonde rwari rukwiye guhagarika umutima Umurundi wese. Insiguro atanga ya mbere, ni indyane za politike n’umutekano zagumye zisubiriza mu gihugu gushika n’uno munsi. Faustin Ndikumana akavunira akagohe abarongoye igihugu ko bogerageza kwubahiriza intwaro ibereye, na cane cane muri kino gihe Ubumwe bwa Buraya bwaraye busubiye kwemera gufasha Uburundi mu bijanye n’ubutunzi.
Amakuru
16 février 2022