Umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo wahimbajwe kuri uno wa gatanu mu Burundi. N’aho wahimbajwe, ngo haracari ibibazo vy’uburyo kugira amaradiyo mu Burundi ashobore gukora neza. Ibi bishikirizwa na Onésime Harubuntu, arongoye ishirahamwe ry’amaradiyo asamirana mu Burundi. Akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Onésime Harubuntu akabona ko kugira amaradiyo ashobore gusamirana agashika kure ari uko amaradiyo yogura ivyuma bifise inkomezi zihagije.
Amakuru
13 février 2022