Nimba haragandaguwe abasirikare kubera banse kujabuka umupaka ngo baje kurwana muri Congo, bwoba bwabaye ubwicanyi ndengerabutungane. Amategeko ya gisirikare aratomoye, mu gihe umusirikare yanse gushira mu ngiro itegeko ahawe n’abamutwara, araheza agakurikiranwa n’amasentare ya gisirikare. Bivugwa na Méthode Ndikumasabo, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, akaba umuhinga mu vy’amategeko, akaba n’umwigisha mu ma kaminuza y’akarere. Ni mu gihe havugwa abasirikare b’Abarundi barenga 20 bagandaguwe mu ndwi iheze ku ruzi Rusizi mu ntara ya Cibitoke kubera banse kuja kurwana muri Congo, nk’uko amatohoza ya Radiyo Inzamba yabishize ahabona. Méthode Ndikumasabo akamenyesha ko uwatanze itegeko hejuru ryo gukora ico caha ategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane.
Amakuru
12 février 2022
