Amakuru
9 février 2022

Uburundi bwaratowe mu bihugu 15 bigize Inama y’amahoro n’umutekano mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika

Uburundi bwarasubiriye gutorwa kuba mu bihugu vy’umuryango wa Afrika bigize inama y’amahoro n’umutekano mu kiringo c’imyaka 2. Bukaba buri mu bihugu 15 bigize uwo murwi, 10 muri vyo bikagira ikiringo c’imyaka 3, mu gihe bitanu bindi bigira ikiringo c’imyaka 2. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba amenyesha ko ivyo vyerekana ko ibihugu vya Afrika biriko biragarukana icizere ku Burundi kubera ibintu biriko biramera neza. Ivyo akaba yabimenyesheje igihe yari atashe avuye mu nama igira iya 35 y’abakuru b’ibihugu n’amaleta, hari kuri uyu wa mbere. Yarongeye aramenyesha ko muri iyo nama nyene, uwahoze ari umukuru w’Igihugu Domitien Ndayizeye yemejwe kuba umwe mu bagize umurwi w’inararibonye w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.