Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni niwe mutegetsi wa mbere yategerezwa guhagurukira ikibazo co kutumvikana giturutse kw’iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza. Bishitse naho ntashobore kwumvikanisha impande ziri mu matati, umukuru w’Igihugu nawe niwe yotegerejwe guca ahagurukira ico kibazo. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu. Akaba abishikirije inyuma y’aho umurwi washizweho ngo wige ibijanye n’ibiciro wadugije ibiciro vyo kwiyunguruza, umushikiranganji w’Ubudandanji akaba yahavuye yiyamiriza iyo ngingo avuga ko uwo murwi ata bubasha wari ubifitiye. Ariko rero mu nyuma uwo murwi nyene wararahiye urarengwa ko iyo ngingo itazohinduka. Frédéric Bamvuginyumvira akavuga ko mu gihe ivyo vyobandanya, umushikiranganji w’Ubudandaji akwiye gutanga imihoho kubera ata butegetsi yoba afise.
Amakuru
8 février 2022