Amakuru
5 février 2022

Bamwe mu rwaruka rwikorera utwabo bagiye gukurwako ikiguzi co kwinjiza ibidandazwa

Hagiye gushirwaho umurwi wiga ku vyerekeye ibicuruzwa vyinjira mu gihugu ata kori canke itagisi birihiwe. Ivyo vyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu. Hari mw’ihuriro ry’urwaruka rw’abagwizatunga ryatangujwe kuri uyu wa kane. Evariste Ndayishimiye yabivuze mu gihe urwaruka rusaba ko leta yoruhebera amakori, ngo kuko usanga kenshi amakori canke amatagisi aba umurengera bigatuma bahagarika ibikorwa vyabo.