Mu Burundi uno munsi ngo harangwa amahoro n’umutekano. Vyashikirijwe na Alain Diomède Nzeyimana, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’Igihugu. Hari kuri uyu wa gatatu aho umukuru w’Igihugu yatunganya inama yerekeye umutekano muri komine Mutimbuzi muri mairie ya Bujumbura. Alain Diomède Nzeyimana yamenyesheje ko n’aho hari amahoro, ngo umurwi w’iterabwoba ADF uri mu gihugu ca Congo ushaka kwinjira ku butaka bw’Uburundi.
Amakuru
29 janvier 2022