Amakuru
29 janvier 2022

Amajambo y’umukuru w’Igihugu asubiza inyuma ibiganiro biriko biraba hagati y’amasendika na leta

Umukuru w’Igihugu yoba atararonswa icegeranyo c’aho ibiganiro bigeze hagati y’amasendika y’abigisha na leta. Ahandi kwoba kubaye ugusubiza inyuma intambwe izo mpande zibiri zari zigezeko mu gutorera inyishu ikibazo c’abarimu. Uko niko Eulalie Nibizi, yahoze arongoye sendika STEB abibona, akaba n’ubu akwirikiranira hafi ibibazo vy’indero. Abona ko ata na rimwe inguvu zitora umuti w’ikibazo nka kirya mu gihe bidaciye mu kuganira.