Amakuru
27 janvier 2022

Urusansuma rw’abakozi bose ba leta ruri kubiri n’Amasezerano ya Arusha

Urusansuma rw’abakozi bose ba leta rufatiye ku bwoko. Ivyo nivyo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati aheruka gutegeka ba buramatari n’abagenduzi ba leta mw’ikete yabandikiye. Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu, akabona ko iyo ngendo ishobora kuvyara akarambaraye. Kuko kuri we, ukunganisha ibitigiri bifatiye ku moko bitegerezwa kwisunga Amasezerano ya Arusha. Akavuga ko abakora ibikorwa bisaba ubuhinga batarabwa n’iyo ngingo y’Amasezerano ya Arusha.