Amakuru
26 janvier 2022

Ivyo CNDD-FDD ikora vyose bigamije ko uwo mugambwe woguma ku butegetsi

Inyigisho za gisirikare zishaka kugarukanwa mu gihugu n’umugambwe uri ku butegetsi, ntizari zikwiye gushirwa mu vyihutirwa uno munsi kuko bisaba ko Abarundi baba babanye mu mutekano no mu bumwe. Bisigurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu. Akaba abivuze inyuma y’akamo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD aherutse gutera Abarundi ko bokwitegura kurwanira igihugu. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, ngo izo ngingo zije mu ntumbero yo gushaka kubandanya barongora igihugu nk’uko ari ic’umugambwe umwe.