Ntibikiri agaseseshwa rumuri, Imbonerakure zisigaye zijejwe umutekano mu gihugu. Ivyo vyamenyeshejwe na Révérien Ndikuriyo, arongoye umugamwe CNDD-FDD. Yabishikirije mu nama yagiranye n’Abagumyabanga bo mu Ruyigi mu mpera z’indwi iheze. Akaba yatanze akarorero k’aho ku Bunani Imbonerakure zari zakikuje igisagara cose ca Bujumbura, ngo kubera ibihuha vy’uguhungabanya umutekano.
Amakuru
26 janvier 2022
