Amakuru
4 janvier 2021

Karahara mu ruganda ntibacura : Amahinguriro mu Burundi

Mu kiganiro Karahara mu ruganda ntibacura, urunani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, radio RPA hamwe na Télé Renaissance, tugaruka ku gisata c’amahinguriro mu Burundi. Ico gisata kikaba ahanini kigizwe n’amahinguriro y’ibifungurwa, hakaba n’amahinguriro mato mato akoreshwa amaboko afise ikibanza kinini muri ico gisata. Amahinguriro ajanye no gukora impuzu hamwe no gukora ibitabo nayo ariko aratera imbere bukebuke. Ariko rero abakorera muri ico gisata baremeza ko kikirimwo ingorane nyinshi ahanini zifatiye ku kubura ubushobozi bwo kuronka imitahe minini yotuma ico gisata gitera imbere.