Uburimyi n’ubworozi bwonyene ntibishobora guteza imbere ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi. Ibi ni ibishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ni mu gihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyaranze ubutunzi mu gihugu mu mwaka uheze w’2021. Faustin Ndikumana akaba yabishikirije afatiye ku kuntu ibiciro vy’ibiribwa biguma biduga mu gihugu. Faustin Ndikumana akabona ko ubutunzi bw’igihugu bushobora kuduga hifashishijwe ibindi bisata.
Amakuru
6 janvier 2022