Amakuru
31 décembre 2021

Umukuru w’igihugu aremera ko icaha co kunyuruza abantu kihari mu Burundi

Hari imirwi y’iterabwoba inyuruza abantu bagatorwa ari ibiziga. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Kigarama. Yamenyesheje ko abajejwe umutekano bariko barayihiga kandi ko hari n’abamaze gufatwa. Muri abo bamaze gufatwa harimwo n’abari mu nzego z’umutekano.