Amakuru
27 décembre 2021

Ibice birenga 50% vy’abanyagihugu babayeho mu bukene bwinshi kubw’ikigo ISTEEBU

Ingo zingana n’ibice 43,7 kw’ijana zirakenye mu Burundi. Hama ibice 51,4 kw’ijana vy’abantu bakenye nabo baba muri izo ngo. Ivyo bitigiri biri mu matohoza y’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro ISTEEBU yo mu mwaka w’2020. Nicolas Ndayishimiye, umuyobozi w’ico kigo, yongera akamenyesha ko ubukene bumaze kugabanuka ku bice 2 kw’ijana gushika uyu munsi.