Amakuru
27 décembre 2021

Umuhari RED-Tabara ufadikanya na ADF mu bikorwa vy’iterabwoba mu karere

Umuhari RED-Tabara urwanya ubutegetsi ukorana n’umuhari w’iterabwoba ADF aho bari mu buseruko bw’igihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatanu aho yari aramutse yipfurizanya umwaka mushasha n’inzego z’umutekano. Umukuru w’igihugu akaba yarakeje izo nzego ko zakoze bigashimwa aho zagiye kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu vya Somaliya na Centrafrique.