Amakuru
27 décembre 2021

Umwaka w’2022, umwaka udasanzwe mu bijanye no kwegeranya no gutunganya amakori

Hagiye kuba ubudasa hagati y’umwaka uza n’iyindi myaka iheze mu bijanye no kwegeranya ubutunzi bw’igihugu. Ngo kuko hari amafaranga yinjira mu bisata bitandukanye ntamenyekane agaheza agakoreshwa ukutariko. Bishikirizwa na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu. Yabivuze kuri uyu wa gatanu aho abagize inzego za gisirikare n’igipolisi bariko bamwipfuriza umwaka mwiza.