Ngo nta gitangaje cane kubona inzego z’umutekano zitangaza ko abantu baburwa irengero baba barajanywe mu mirwi y’iterabwoba, kandi baba bafashwe n’izo nzego nyene. Bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza. Abivuze inyuma y’ivyo Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano avugiye mu ikiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Pacifique Nininahazwe atanga akarorero ka Innocent Girukwigomba yafashwe n’izo nzego, hanyuma akarekurwa kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.
Amakuru
23 décembre 2021