Amakuru
20 décembre 2021

Akanovera k’ibidandazwa mu Burundi niko kokwisungwa mu gushora hanze gusumba kwitaho ubwinshi

Uburundi bukwiye gushira imbere akanovera kugira bwungukire mu rudandazwa rw’ibishorwa hanze. Umwigisha muri kaminuza Salomon Nsabimana yabishikirije mu ruganda rwitiriwe gushigikira iterambere ry’igisata c’abigenga rwatunganijwe kuri uyu wa gatanu n’ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo PARCEM. Salomon Nsabimana afatira ku karorero k’igiterwa c’ikawa hamwe n’ivyamwa.