Amakuru
16 décembre 2021

Nimba umucamanza akubitwa n’abapolisi, umunyagihugu muto we akorerwa iki?

Umucamanza Jean Paul Nshimirimana akorera muri sentare nkuru ya Bujumbura yarakubiswe arashaya n’abapolisi bakorera ku kirindiro co mu kanyosha muri komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kabiri. Uwo yahohotewe akavuga ko bamufashe ariko ararengana batangura kumukubagura bamusaba amafaranga. Jean paul Nshimirimana agasaba ko abo bapolisi bamusinzikarije ubuzima bahanwa bimwe vy’akarorero.