Uruhara yagize mu kugarukana amahoro n’ukuyatsimbataza mu gihugu ca Mali no muri Afrika muri rusangi biri muvyo ubumwe bwa afrika buzoguma bwibukirako umuhisi Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi. Bivugwa na Abdoulaye Diop, umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Moussa Faki. Uwo yahoze ajejwe imigenderanire y’igihugu ca Mali n’amakungu, aribuka kandi uruhara yagize mu kunywanisha abarundi n’ugutsimbataza intwaro rusangi mu Burundi.
Amakuru
30 décembre 2020
