Amakuru
1 décembre 2021

Abategetsi mpuzamakungu bakwiye gushira imbere ukurwanya ikiza ca SIDA

Kurandurana n’imizi ikiza ruhonyanganda SIDA ngo ni umugambi washizweho n’isi yose. Mu gihe indongozi zose zoshira hamwe zikavyumva kumwe, vyotuma hagera mu mwaka wa 2030 SIDA yararanduranywe n’imizi. Winnie Byanyima, umuyobozi ntayegayezwa wa UNAIDS, yabishikirije mw’itangazo ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Kigarama 2021, ku munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ca SIDA.