Ihuriro ry’igihugu ku bijanye n’iterambere ry’igihugu ririko ribera i Bujumbura ngo ryategerezwa kwiga ubwa mbere ibibazo vy’umutekano n’amahoro ku Murundi wese. Kuko ngo nta terambere rishoboka hatariho intwaro rusangi nyakuri. Umwihwezo ni uwa Libérat Ntibashirakandi. Uwo mwigisha muri kaminuza atangazwa no kubona abitabiriye iryo huriro basa n’abanonosoye ibijanye n’ubutunzi gusa kandi hariho ibindi bisata bihobahoba mu gihugu. Ariko agahamagarira abaryitavye, kwubahuka kubwiza ukuri umukuru w’igihugu ingene igihugu cifashe mu bisata vyose muri rusangi.
Amakuru
19 novembre 2021