Amakuru
5 novembre 2021

Ibice birenga 30% vyiyongereye ku biciro vyo kwa muganga mu bigenga

Ibiciro vyo kwivuza mu bitaro no mu mavuriro y’abigenga vyaradugijwe kugera ku bice 30 kw’ijana. Ibi ni ibishikirizwa na Muganga Astère Ndayizeye, arongoye ishirahamwe APROMELI ry’abaganga bigenga. Abishikiriza afatiye ku kuntu mu kubonana na muganga vyavuye ku mafaranga y’amarundi 5 000 bija ku 8 000. Kubonana n’abahinga navyo vyahora ku mafaranga 10 000 ubu bigeze ku 15 000. Dr Astère Ndayizeye akamenyesha ko imvo nyamukuru zibituma harimwo ubukene bw’amafranga y’agaciro n’iduga ry’amafranga y’ibikoresho bakoresha bigurirwa hanze y’igihugu.