Amakuru
29 décembre 2020

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Centrafrique baritabiriye kuri uyu wa mungu mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Centrafrique baritabiriye kuri uyu wa mungu mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka. Ariko igice kinini c’abo banyagihugu bakaba batitavye amatora muri ico gihugu kimaze imyaka mu ntambara, aho hari imihari y’abarwanyi biyemeje kurwanya umukuru w’igihugu Faustin-Archange Touadéra, ari nawe ahabwa amahirwe menshi yo gutsinda ayo matora.