Leta niyo inshinzwe gukora ibikenewe kugira igisata c’indero gisubire kugenda neza. Ivyo bica mu gutanga uburyo, ibikoresho vyo kwigisha hamwe n’uguha ubumenyi bukwiye abigisha. Uwo ni umwihwezo wa Libérat Ntibashirakandi, umuhinga mu bijanye n’indero. Akabivuga afatiye ku kungene umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku musi wa gatanu uheruka mu mwiherero yagiranye n’abigisha, yavuze ko abigisha ari bo batuma haba itituka ry’akanovera k’inyigisho mu mashure. Kuri we, ngo nyabuna leta ikwiye guha akazi abigisha baba baranonosoye bihagije ivy’indero.
Amakuru
1 novembre 2021