Amakuru
28 octobre 2021

Igipolisi n’iperereza bikwiye gusigura iyicwa rya Gérard Bukuru n’inyuruzwa rya Prosper Niyonizigiye

Igipolisi n’iperereza mu ntara ya Gitega bitegerezwa gusigura igandagurwa rya Gérard Bukuru hamwe n’iburwa irengero rya Prosper Niyonizigiye. Abo bantu uko ari babiri bakaba bagirijwe ko aribo bateye grenade kuri uyu wa gatandatu uheze muri quartier Swahili mu ntara ya Gitega. Bivugwa na Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE. Avuga kandi ko leta y’Uburundi ikwiye kugira amatohoza bakamenya aho inkozi z’ikibi zikura ivyo birwanisho n’ababatuma.