Amakuru
28 octobre 2021

Abanyagihugu b’Uburundi bakwiye kwicandagisha kubw’amagara yabo

Ngo birateye isoni kubona leta idahimiriza abanyagihugu kuja kwicandagisha umugera wa Corona, kandi incanco z’uwo mugera zimaze iminsi zarashitse mu gihugu. Ibi bishikirizwa na Eric Nduwayezu, aserukira urwaruka mu muhari MAP-Burundi Buhire. Akabivuga afatiye ku kuntu ibitigiri vy’abicandagisha bikiri bike. Eric Nduwayezu agasaba Abarundi kwicandagisha kuko ari ku neza y’amagara yabo.