Kuri uyu wa mbere itariki 25 Gitugutu 2021, harabaye ibiganiro hagati y’indongozi z’Uburundi n’Urwanda ku mupaka wa Gasenyi-Nemba. Iyo nama ikaba yahuje ba buramatari b’intara ya Kirundo Albert Hatungimana na Jean Claude Barutwanayo w’intara ya Muyinga hamwe na bagenzi babo Emmanuel Gasana arongoye intara yo mu buseruko na Alice Kayitesi arongoye intara yo mu bumanuko. Ivyo bihugu vyemeranije guhimiriza abanyagihugu no kubigisha amategeko agenga imipaka, ivyo bikazoborohereza kurwanya imirwi y’iterabwoba. Emmanuel Gasana na Albert Hatungimana bakavuga ko ivyo vyose babikesha ugushaka kw’ivyo bihugu bibiri kwabatumye bashobora gukorana.
Amakuru
26 octobre 2021
